Amakuru
27 août 2024

Itozwa ry’amafaranga rikorwa n’umugambwe uri ku butegetsi kugira witegurire amatora yo mu 2025

Mu gihe himirije amatora yo mu mwaka w’2025 mu Burundi, hari ikibazo gitanguye kwibonekeza kijanye n’itozwa ry’amafaranga yo gushigikira ayo matora. Nk’uko amakuru ava mu banyagihugu mu bice bitandukanye vy’igihugu avyemeza, umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, biciye mu banywanyi bawo, uriko uratoza amafaranga ashika ku bihumbi bibiri ku ngo mu ntara nyinshi. Ingingo ihushanye n’ivyari vyashikirijwe n’umukuru w’Igihugu aho yari yijeje Abarundi ko abashaka guterera bazobikora ku gushaka kwabo. None mu gihugu hagati vyifashe gute ? Ni gute iryo tozwa ry’intererano rihungabanya integuro y’amatora n’uburenganzira bw’abanyagihugu ?