Amakuru
31 août 2023

Itegurwa ry’amafaranga leta izokoresha, ryabayemwo inyungu za politike gusumba iz’ubutunzi

Amafaranga leta igiye gukoresha mu mwaka w’2023 ushira uw’2024 arateye impungenge abanonosoye ivy’ubutunzi ukuntu bizoshoboka. Ayo mafaranga akaba yongerejwe ku bice 64% dufatiye ku yakoreshejwe mu mwaka uheze mu gihe ata cahindutse aho yova eka mbere ata n’umuhango uhari aho ayo mafaranga adugijwe azova. Bivugwa n’umuhinga mu vy’ubutunzi André Nikwigize, akaba afatira ku kungene ayo mafaranga yagiye aragaburwa ku bisata vy’ubushikiranganji butandukanye. Ubushikiranganji bw’Uburimyi n’ubundi bushikiranganji bwofashije mw’iterambere bukaba bwaronkejwe intica ntikize, mu gihe nk’ubw’Umutekano no Kwivuna abansi bwaronkejwe amafaranga y’umurengera nk’aho igihugu kiri mu ntambara. Umuhinga akaba asozera umwihwezo wiwe yemeza ko iyo nteguro y’amafaranga ata cizere itanga ku bijanye n’umugambi wa leta w’iterambere. Ku bwa André Nikwigize, ni integuro yateguwe ku zindi nyungu zidahuye n’iterambere.