Amakuru
30 juin 2021

Itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru ryo mu mwaka w’2018 ririko ririgwa kugira hashirwemwo ingingo zerekeye ibimenyeshamakuru bikorera ku buhinga ngurukanabumenyi

Itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru ryo mu mwaka w’2018 ririko ririgwa kugira hashirwemwo ingingo zerekeye ibimenyeshamakuru bikorera ku buhinga ngurukanabumenyi hamwe n’amaradiyo yegereye abanyagihugu bita « radios communautaires ». Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru yabimenyesheje kuri uyu wa mbere igihe haba uruganda rwo guhinyanyura iryo tegeko, urwo ruganda rukaba ruzomara iminsi itatu. Kubwa Marie Chantal Nijimbere, ngo iryo tegeko ryahahora ryari rifise utunenge.