Amakuru
29 mars 2024

Itegeko rigenga ingo n’imiryango rihari mu Burundi riracakumira abakenyezi (umuhari Inamahoro)

Abakenyezi n’abigeme bose bakwiye kuvira hasi rimwe kugira bakwirikiranire hafi itegurwa ry’itegeko rigenga ingo n’imiryango. Ako ni akamo k’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Bakebura abakenyezi ko gushika n’ubu bakirenganywa n’amategeko kuko badatorana iyo bavuka, eka mbere n’iyo bubatse usanga baganza inkono yo ku ziko gusa.