Amakuru
31 mai 2021

Itanguzwa ry’ikiganiro ku bijanye n’agateka ka zina muntu

Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, watanguje uyu musi ikiganiro ku bijanye n’agateka ka zina muntu. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, asigura ko ico kiganiro kizoba kigizwe n’urukurikirane rw’ubutumwa ruzosohoka buri ndwi. Uwo muhari uzokwerekana amategeko mpuzamakungu, ay’akarere n’ay’igihugu ku bijanye n’agateka ka zina muntu kugira bashire ahabona amategeko agenga cane cane abakenyezi.