Amakuru
2 août 2023

Isuzumwa ry’iserukirwa ku bwoko ryatangujwe n’Inama nkenguzamateka nta nyungu irimwo

Kuri uno wa mbere niho hatanguzwa isuzumwa ry’ukuraba y’uko ivy’ubwoko mu nzego bibandanya vyisungwa canke bikurwaho, igikorwa catunganijwe n’Inama nkenguzamateka i Gitega. Abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike babona ko uno munsi ico gikorwa kitari gikwiye umwitwarariko w’Abarundi kuko ivy’ubwoko vyari vyashizweho kugira ivyo gukumirana mu buryo bwose bihagarare mu Barundi. Ku bw’umushingwamanza Vital Nshimirimana, arongoye urunani FORSC, Uburundi bwari bukwiye kwitaho mu maguru masha ibibazo bikuru bikuru bibuhanze harimwo gutahukana impunzi, ibibazo vy’umutekano n’ubutunzi.