Amakuru
21 février 2023

Isoko rusangi rya Afrika ryotuma haboneka ubuzi bwinshi rigakwega n’abagwizatunga

Ukwihutira gushinga isoko rusangi ku mugabane wa Afrika kwarihwejwe cane mu nama igira iya 36 y’abakuru b’Ibihugu vya Afrika. Muri iyo nama yamaze iminsi ibiri, yasozerewe ku munsi w’Imana i Addis-Abeba, ibihugu vyose bikaba vyemeye kuja muri uwo mugambi, kiretse igihugu ca Erythrée. Iryo soko, ZLEC mu mpfunyapfunyo, rikaba ryitezwe ko ritanga ubuzi butari buke, rigafasha no gukura mu bukene abantu batari bake. Ariko rero uwo mugambi ukaba utabuze inzitizi.