Amakuru
8 avril 2024

Amashirahamwe mpuzamakungu yose yari azi ko hari ihonyabwoko ririko rirategurwa (M.F. Mahamat)

Ubumwe bwa Afrika buhamagarira amakungu kwemera kandi bukemanga nyezina uruhara yagize mw’ihonyabwoko ry’Abatutsi mu Rwanda. Moussa Faki Mahamat, arongoye Ubumwe bwa Afrika, avuga ko n’uwo muryango arongoye ubu ico gihe witwa OUA ata co wigeze ukora. Akavuga ko ata shirahamwe mpuzamakungu na rimwe ryokwubahuka kuvuga ko ritigeze rimenya ko hari ihonyabwoko ririko rirategurwa. Akaba na we nyene akeza Abanyarwanda ku butwari budasanzwe berekanye inyuma y’ayo makuba.