Amakuru
13 février 2022

Ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’Ubumwe bw’Abarundi ryofasha mu kwubahiriza agateka k’abakenyezi

Kwibuka iyemezwa ry’amasezerano y’Ubumwe bw’Abarundi ntibikabe imvugo gusa. Ni vyo mukurikirana uno munsi mu kiganiro « Agateka k’umukenyezi » mutegurirwa n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Jacqueline Habonimana, umunywanyi w’uwo muhari, atera akamo Abarundi hamwe n’indongozi z’Uburundi ko bokwibuka akamaro k’ubumwe ku gihugu cacu.