Amakuru
7 mai 2024

Abategetsi b’Uburundi basabwa gushira imbere amategeko yubahiriza agateka k’abakenyezi

Amabi akorerwa abakenyezi aracari menshi mu Burundi mu gihe hari itegeko rikingira abakenyezi ryashizweko umukono mu 2016. Vyemezwa n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu kiganiro « Agateka k’abakenyezi ». Jacqueline Habonimana, umunywanyi w’uwo muhari, asaba abategetsi b’Uburundi gushira imbere amategeko n’amabwirizwa akingira abakenyezi na cane cane ko bizwi ko mu Burundi ari bo nkingi y’iterambere, eka n’ahandi hose.