Amakuru
16 avril 2024

Ikumirwa ry’abakenyezi mu kubankira gutorana riradindiza iterambere ry’igihugu (umuhari Inamahoro)

Uruhara rw’abakenyezi mw’iterambere ntirushoboka mu gihe abakenyezi badafise uburenganzira bwo gutorana itongo. Aka ni akamo k’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi ». Uwo muhari ukabona ko ukwo gukumirwa kw’abakenyezi kugira ingaruka mbi no ku gihugu cose muri rusangi.