Amakuru
22 juin 2021

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rikwiye kuremera abategetsi b’Uburundi kugira bubahirize uburenganzira bwo kumenyesha amakuru mu Burundi

Ishirahamwe rikingira abamenyeshamakuru CPJ n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu, basavye kuri uyu wa mbere uwurongoye ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya kuguma ku ngingo bafashe mu mwaka w’2016, igihe iryo shirahamwe ry’ibihugu vya Buraya ryahagarika imfashanyo kuri leta y’Uburundi.  Kubwa Tom Gibson, ngo ubumwe bwa buraya bukwiye gusaba abategetsi b’Uburundi kwubahiriza ubwigenge bw’abamenyeshamakuru mu kazi kabo, bongere bagire amatohoza y’ukuri ku bijanye n’iburwa irengero ry’umumenyeshamakuru  Jean Bigirimana, yakorera ikinyamakuru Iwacu.