Amakuru
14 novembre 2022

Ipfungwa rya Floriane Irangabiye ryerekana urwanko leta ifitiye abamenyeshamakuru

Ipfungwa rya Floriane Irangabiye ni ikimenyetso gikomeye ubutegetsi bw’Uburundi bwahaye abipfuza ko hasubira kubaho ubwigenge bwo gushikiriza iciyumviro muri rusangi, n’ubwigenge bw’ibimenyeshamakuru vy’umwihariko. Uko ni ko Tom Gibson, aserukira ishirahamwe ishirahamwe CPJ riharanira gukingira abamenyeshamakuru imbere y’inzego z’umuryango wa Buraya abivuga, inyuma y’amezi arenga abiri umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye afashwe agapfungwa yagirizwa ivyaha atakoze. Ishirahamwe CPJ rikaba rihamagarira leta y’Uburundi gukingira umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye kuko aza araterwa ubwoba na bamwe mu bategetsi ba leta. CPJ ikaba yashikirije aho ihagaze mu gihe kw’igenekerezo rya 05 Munyonyo, uwo mumenyeshamakuru apfungiwe i Muyinga, yatewe ubwoba n’uwutwara iperereza muri iyo ntara Felix Havyarimana, ko ashobora kumwaka uburenganzira bwose afise mbere no kumugirira nabi.