Amakuru
14 décembre 2022

Ishirahamwe ryishinze gukingira abamenyeshamakuru risaba irekurwa rya Floriane Irangabiye

Gushika kw’igenekerezo rya 01 Kigarama umwaka w’2022, abamenyeshamakuru 363 ni bo bamenyekanye ko bapfunzwe kw’isi, nk’uko biri muri rusansuma rwakozwe n’ishirahamwe ryishinze gukingira abamenyeshamakuru, CPJ. Muri abo, harimwo umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye w’iradiyo Igicaniro apfungiwe mw’ibohero ry’i Muyinga kuva mu ntango z’ukwezi kwa Nyakanga. Akaba ari na we mukenyezi w’umumenyeshamakuru wenyene apfunzwe ku mugabane wa Afrika. Ku bwa Tom Gibson, aserukira Ubumwe bwa Buraya muri iryo shirahamwe, ipfungwa rya Floriane Irangabiye ryerekana ko Uburundi atari ikibanza ciza co gukoreramwo umwuga wo kumenyesha amakuru. Agasaba y’uko arekurwa ata gisabwe kugira abandanye umwuga wiwe.