Umudari w’iteka ni wo wahawe umunonotsi Thierry Ndikumwenayo n’Ishirahamwe ry’abanonotsi mu Burundi. Bishikirizwa na Dieudonné Kwizera, arongoye iryo shirahamwe. Akamenyesha ko yahawe uwo mudari kubera intsinzi yagiye aratwara muri uno mwaka zateye iteka igihugu. Agasaba abandi banonotsi b’Abarundi kumufatirako akarorero.
Amakuru
14 octobre 2022