Amakuru
8 mai 2024

Ishirahamwe OLUCOME risaba ko haba inama yo kwiga ku kibazo c’ubukene bwugarije Uburundi

Uburundi buri mu ngorane zikomeye z’ubukene buturutse kw’ikena ry’amafaranga y’agaciro, ari vyo bica bituma habura ivyo abantu bakenera buri munsi. Ivyo binegurwa na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta. Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu i Bujumbura. Ku bwiwe, ngo vyogorana ko abanyagihugu bizera ishirwa mu ngiro ry’ihangiro ry’umukuru w’Igihugu ry’iterambere mu gihe ibintu vyoba bikimeze uko biri uyu munsi. Agasaba umukuru w’Igihugu gutumako inama yihuta yohuza abategetsi hamwe n’abagenzi b’Uburundi kugira bige ikibazo c’ubukene gihanze Uburundi.