Amakuru
11 avril 2024

Ishirahamwe OLUCOME ririteguriye kwitura ubutungane mpuzamakungu ku rubanza rwa Manirumva

Imyaka 15 yararumanye kw’igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2024 uwahoze ari icegera c’uwurongoye ishirahamwe OLUCOME, Ernest Manirumva, agandaguwe bunyamaswa. Iryo shirahamwe rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta rivuga ko rigiye kwitura ubutungane mpuzamakungu mu gihe Sentare ntahinyuzwa itosasa ku rubanza rw’igandagugwa ry’uwo yahoze ari icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe. Bivugwa na Jean Nduwimana, umuvugizi wa OLUCOME. Hari mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku munsi wa kabiri aho iryo shirahamwe ryariko riribuka Ernest Manirumva. Ku bwiwe, ngo birababaje kubona dosiye y’urwo rubanza itaboneka mu bubiko bw’imanza bwa Sentare ntahinyuzwa.