Ishirahamwe FOMI rihingura ifumbire ngo rihingura amatoni amajana atandatu 600 ku munsi. Vyamenyeshejwe kuri uyu wa gatatu na Simon Ntirampeba, umuyobozi mukuru w’ihinguriro FOMI. Hari mu nama yabahuje n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu n’iterambere rusangi. Simon Ntirampeba yamenyesheje kandi ko bagiye kwagura ihinguriro mu ntumbero yo kugwiza umwimbu w’ifumbire. Muri iyo nama nyene, Leta yahaye ikiringo c’iminsi icumi iryo shirahamwe kugira rizobe ryahaye abarimyi ifumbire ribafitiye mu gihugu cose.
Amakuru
25 février 2022