Amakuru
2 mars 2022

Ishirahamwe FOMI rirahumuriza ko ririko rirakora ibishoboka vyose kugira rihe umwavu abawukeneye

Ifumbire ry’uruganda rwa FOMI yatanguye gutangwa mu ntara zose z’igihugu kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 28 Ruhuhuma. Vyatangajwe na Herménégilde Manyange, icegera c’umuyobozi mukuru wa FOMI. Aranahumuriza abarimyi ko bazoronswa ifumbire bose kuko urwo ruganda ruriko rukora amasaha 24 kuri 24 kandi ibikorwa biriko bigenda neza. Aho ni inyuma y’aho umushikiranganji ajejwe iterambere rusangi atangiye itegeko ko urwo ruganda FOMI ruhawe iminsi 10 kugira ruzobe rwamaze gutanga iryo fumbire.