Amakuru
26 octobre 2023

Ishirahamwe ESDDH rirababazwa n’ihohoterwa rikorerwa abanyororo na cane cane mw’ibohero rya Ngozi

Ishirahamwe ESDDH ryishinze gushigikira abaharanira agateka ka zina muntu bageramiwe rirababajwe n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ribandanya ryibonekeza mu busho no mu mabohero atandukanye ari mu gihugu. Félicien Irimbere, umuvugizi w’iryo shirahamwe, adomako cane cane urutoke kw’ihohoterwa ryakorewe umunyororo wo mw’ibohero rikuru rya Ngozi azwi kw’izina rya Juvénal Bucumi yahohotewe n’uwujejwe umutekano mw’ibohero Jérémie Nizeyimana, hari kw’igenekerezo rya 15 Gitugutu. Ikibabaje, ngo nyene guhohotera uwo munyororo n’ubu aridegemvya. Félicien Irimbere akavuga ko abarongoye iryo bohero ry’i Ngozi bahevye abanyororo bajejwe gukurikirana baha ikibanza igiturire gitangwa n’abakora ayo mabi.