Amakuru
15 novembre 2021

Ishirahamwe ACAT-Burundi ryaronse agashimwe ku bikorwa vyo guharanira agateka ka zina muntu

Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi) rihejeje kuronswa agashimwe ku bikorwa vyo kurwanira agateka ka zina muntu rikorera mu bihe bitoroshe vy’umutekano muke. Umushingwamanza Armel Niyongere, arongoye ishirahamwe ACAT-Burundi, avuga ko ako gashimwe kongerereje inguvu iryo shirahamwe. Avuga kandi ko ako gashimwe ari ak’abitanga bose mu Burundi kugira barwanire agateka ka zina muntu.