Amakuru
17 octobre 2023

Ishirahamwe ACAT-Burundi riranegura ihohoterwa ry’abapfungwa ribandanya mu mabohero y’Uburundi

Agateka k’abanyororo karahungabanye cane mu kiringo c’amezi ya Mukakaro, Myandagaro na Nyakanga muri uyu myaka nyene turimwo. Ivyo bivugwa n’ishirahamwe rukristu ACAT-Burundi ryishinze kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Muri ico cegeranyo iryo shirahamwe riherutse gusohora, rivuga ko ryasanze abanyororo batari bake barahohotewe, barakwa uburenganzira bwabo mu vyerekeye ugufungura n’ukwivuza, baragira n’izindi ngorane nyinshi zijanye n’ubwinshi bw’abanyororo mu mabohero atandukanye. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, avuga ko amabi menshi yakorewe mu mabohero ya Gitega, Muyinga na Muramvya. Agasaba leta y’Uburundi kwubahiriza amategeko agenga abanyororo, no gushiraho politike nyayo ijanye no kugabanya ibitigiri vy’abanyororo mu mabohero.