Amakuru
9 mars 2021

Isekeza ryo kurekura abanyororo bagiriwe ikigongwe n’umukuru w’igihugu ryari ritegekanyijwe gutanguzwa mw’ibohero rya Muramvya kuri uyu w’Imana ntiryabaye rikiba

Isekeza ryo kurekura abanyororo bagiriwe ikigongwe n’umukuru w’igihugu ryari ritegekanyijwe gutanguzwa n’umushikiranganji w’ubutungane mw’ibohero rya Muramvya kuri uyu w’Imana ntiryabaye rikiba. Abanyororo bahavuye bamenyeshwa ko intonde z’abarekurwa n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu zirimwo amakosa. Pierre Claver Mbonimpa, arongoye ishirahamwe APRODH rigwanira agateka k’abanyororo, agatangazwa n’ukungene izo ntonde zagiyemwo amakosa mu gihe umukuru w’igihugu yari yashizeho umurwi ujejwe kwiga ama dosiye. Kuri we, ngo umukuru w’igihugu yategerezwa gufuta iyo ngingo agasohora iyindi.