Amakuru
1 décembre 2022

Irwanywa ry’amabi afatiye ku gitsina risaba ko abategetsi baba aba mbere mu kwerekana ishaka

Abategetsi bategerezwa gutanga akarorero mu kwubahiriza agateka k’abakenyezi, bakaja imbere y’abandi mu kurwanya amabi afatiye ku gitsina. Ni akamo katewe n’Icegera c’umukuru w’Igihugu. Prosper Bazombanza yabivuze ku munsi wa kabiri ariko atanguza isekeza ry’iminsi 16 ryo kurwanya amabi afatiye ku gitsina. Akavuga ko umuntu wese azokora ako kabi azohanwa n’amategeko.