Amakuru
13 octobre 2022

Irungikwa ry’ingabo z’Uburundi muri Congo nta co rimariye abanyagihugu b’Abarundi

Kuva kw’igenekerezo rya 05 Gitugutu 2022, uwundi murwi ugira kabiri w’abasirikare b’Abarundi warinjiye mugihugu ca Rebuplika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ariko muri kino gihe ukaba wagiye mu rwego rw’inteko zo mu karere ka Afrika y’ubuseruko, urwego rufise akazi ko kugarukana amahoro muri Kivu y’epfo. Abo basirikare bakaba bahambije abandi barungitswe muri ico gihugu ku wa 15 Myandagaro uyu mwaka biciye mu kwumvikana hagati y’ivyo bihugu bibiri.
None irungikwa ry’iryo ngabo z’Uburundi mu gihugu ca Congo ryoba rimariye iki Uburundi n’ababubamwo ?