Amakuru
2 décembre 2022

Iruhande yo guhana abafata abandi ku nguvu, harakwiye n’ibigo vyo kuvura abantu mu mutwe

Amabi yo gufata ku nguvu abantu ku rugero ruri hejuru arateye impungenge abaharanira agateka ka zina muntu. Justine Nkurunziza ahamagarira kubitorera umuti hakiri kare afatiye ku bintu bibiri vyokorwa. Avuga ko ari ngombwa ko abakoze ayo mabi bohanwa, ariko rero muri uwo mwanya nyene hagashingwa ibigo bikwiye mu gihugu vyo gufasha Abarundi batari bake bafise indwara zo mu mutwe, ari na zo ahanini zoba zituma abantu bigenza nabi.