Amakuru
11 décembre 2023

Urunani COSOME rutinya ko CENI nshasha yoba ije kubandanya ubusuma bwo muri kahise

Agahinda kenshi ni ko urunani COSOME rw’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike rwishinze gukurikirana amatora, rwakiranye igenwa ry’umurwi mushasha CENI. Justine Nkurunziza, arongoye COSOME, avuga ko abarongoye uwo murwi bamwe baranzwe n’amabi bakoreye Abarundi, abandi bakaba bari mu mirwi ya CENI muri kahise bafashije kwiba amatora yabaye. Justine Nkurunziza akaba agaruka ku turorero tumwe tumwe tw’ingendo zaranze ubwo busuma, ariko akagumana icizere ko ibintu bizoteba bigahinduka.