Amakuru
12 mai 2023

Abarundi, na cane cane urwaruka, bofata nkama ubutumwa bw’urukundo bwa Bob Marley

Turi itariki 11 Rusama, ukaba ugize umwaka wa 42 isi yibuka urupfu rwa Bob Marley. Uwo muhinga adasanzwe w’umuziki wa reggae akaba ari intibagirwa kw’isi yose kubera ubutumwa bw’amahoro n’urukundo yaririmba. Justine Nkurunziza, aharanira agateka ka zina muntu, akaba n’umukunzi w’indirimbo za Bob Marley, ahamagarira Abarundi gufata nkama ubutumwa bwa Bob Marley, ivyo bikaba bizoshobora gufasha kugarukana amahoro mu Burundi.