Amakuru
30 avril 2024

Iruhande y’ikena ry’ibindi vya nkenerwa hiyongereyeko ubukene bw’inzoga za BRARUDI

Ni akababaro ku banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu bindi bice vy’ibisagara vyo mu Burundi kubera ikena rishasha ry’ibinyobwa vya BRARUDI. Ibirabo vyose bikagaragara ko ata binyobwa bigicuruza, mu gihe mu minsi yaheze ivyo binyobwa wabisanga ahantu hose. Ivyo bituma abanyagihugu basa n’abihebuye mbere bakanagira n’amakenga. Ishirahamwe BRARUDI rikaba risigura ko vyavuye kw’ikena ry’ibikoresho biva mu mahanga, nk’ikidandazwa ca malt. Iryo kena ry’ibinyobwa rikaba ryiyongera ku bukene bwari buhasanzwe bw’isukari n’ibitoro.