Amakuru
28 décembre 2022

Irekurwa ry’umushingwamanza Tony Germain Nkina ryarashimishije umuhari Inamahoro

Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, urashima irekurwa ry’umushingwamanza akaba n’uwuharanira agateka ka zina muntu Tony Germain Nkina, inyuma y’imyaka ibiri apfunzwe, ipfungwa uwo muhari uvuga ko ritari rikurikije amategeko. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, aributsa kandi ipfungwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye, ariko yagirizwa icaha kimwe n’icari caragirijwe Tony Germain Nkina. Asaba na we nyene yuko yorekurwa ata gisabwe.