Amakuru
1 avril 2022

Iradiyo BBC yemerewe gusubira gukorera mu Burundi inyuma y’imyaka hafi 4 yari imaze idakora

Inyuma y’imyaka yababa ine idasamirana mu Burundi, iradiyo BBC yemerewe gusubira gusamirana. Ibi bikaba vyashikirijwe na Vestine Nahimana, arongoye ikigo kijejwe gusuzuma ibimenyeshamakuru CNC. Akaba yabishikirije mu nama y’iminsi ibiri yagiranye n’abanywanyi b’ico kigo. Vestine Nahimana agabisha ko amaradiyo atazokurikiza umurongo yihaye gukoreramwo azofatirwa ibihano.