Amakuru
9 mai 2023

Ipfungwa rya Bunyoni riratanga icizere ko hazogera igihe akurikiranwa ku bwicanyi yagirizwa

Alain Guillaume Bunyoni afise uburenganzira bwo kuburanishwa hubahirijwe amategeko nk’umunyagihugu uwo ari we wese. Ivyo vyibutswa na ACAT Burundi, ishirahamwe rukirisu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, mw’itangazo ryasohoye ku munsi wa mbere itariki 8 Rusama. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, amenyesha ko iryo shirahamwe risaba ko ubuzima bwa Bunyoni bwokingirwa, na rirya ubu hari icizere ko we hamwe n’igipolisi yamaze igihe kitari gito atwaye bocirirwa urubanza ku mabi y’agahomerabunwa bagirizwa.