Ubwicanyi buriko burakorwa mu gihugu aho ibiziga biguma bitorwa ku munsi ku munsi bigaca bihambwa ata matohoza abaye kugira abo bantu bamenyekane, vyerekana ko ubwo bwicanyi bukorwa n’inzego za leta. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize, umwe mu baburanira imiryango y’abakorewe amabi mu Burundi kuva mu mwaka w’2015, amenyesha ko abajejwe intwaro n’abarongoye inzego z’umutekano bakorera muri ivyo bibanza bitorwamwo ibiziga, bazobibazwa impera n’imperuka. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize aranegura kandi ibikorwa vy’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu ko uriko urahishahisha amabi akorwa n’inzego za leta.
Amakuru
4 novembre 2021