Amakuru
30 décembre 2023

Inyuma y’urupfu rw’abantu 20 mu gitero mu Gatumba, umuhari Inamahoro usaba ko hobaho ibiganiro

Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi uriyamiriza ubwicanyi buheruka guhitana abantu 20 mu Gatumba muri komine Mutimbuzi mu gitero c’abitwaje ibirwanisho. Marie Louise Baricako awurongoye, abona ko ivyabaye vyerekana ko amasezerano y’amahoro y’i Arusha ashira imbere kunywanisha Abarundi, atariko arakurikizwa. Asaba leta kwemera kuganira n’abo bose batavuga rumwe kugira ngo igihugu kironke amahoro arama.