Amakuru
5 février 2022

Inyuma yo gusha kw’ibohero rya Gitega, amakenga ni menshi ku kuntu abanyororo babayeho

Ubuzima bw’abanyororo bacitse kw’icumu, inyuma y’aho ibohero rya Gitega rihiriye rigahitana abatari bake, burageramiwe mu bijanye n’uburaro, na cane cane muri bino bihe vy’imvura. Bishikirizwa n’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi). Mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye, ririyamiriza ifatwa nabi ry’abanyororo na cane cane abagirizwa guhirika ubutegetsi mu 2015, aho badashobora kubonana n’imiryango yabo. Jean Claude Ntiburumunsi avuga ko ivyo biteye kubiri n’amategeko, bagasaba leta kwitaho abo banyororo no kubaronsa ubundi buraro.