Amakuru
4 juillet 2023

Inyuma y’imyaka 61 Uburundi bwikukiye, intwaro ibereye n’ubutunzi ni ibisata bicumbagira cane

Inyuma y’imyaka 61 Uburundi buronse intahe y’ukwikukira, abategetsi b’Uburundi ntibari bakwiye kubandanya bitwaza abakoloni mu gusigura ubukene bwugarije igihugu. Ivyo bivugwa na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta (OLUCOME) mu gihe Uburundi bwahimbaza imyaka 61 iheze bushikiriye intahe yo kwikukira, hari ku wa 1 Mukakaro. Gabriel Rufyiri avuga ko Uburundi inyuma y’ico gihe cose butarikukira mu bijanye n’ubutunzi. Ivyo na vyo bikaba biva ku burongozi bubi bwo kuva Uburundi bushikiriye intahe yo kwikukira. Gabriel Rufyiri akaba yabivuze mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu mpera z’indwi iheze.