Amakuru
13 décembre 2022

Inyigisho z’umwuga wo kubarira zarasubije akanyamuneza Abarundi 13 bahunze bakorewe amabi

Gushurashuza ku nguvu abakenyezi n’abigeme hamwe no gusinzikariza ubuzima abantu, biri mu vyaha inzego z’umutekano z’Uburundi hamwe n’urwaruka rw’Imbonerakure bagirijwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi kuva hadutse indyane mu mwaka w’2015. Benshi mu bakorewe ayo mabi ntibahasige agatwe baca bayanyaga bagahungira mu bihugu bitandukanye, na cane cane mu bihugu bibanyi. Hari bamwe mu bahungiye mu gihugu c’Urwanda bagize amahirwe yo kuronka amashirahamwe abegera akabafasha kuva mu gahinda barimwo. Aha twovuga nk’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi umaze umwaka ukurikirana Abarundi 13 bahungiye mu Rwanda bakorewe amabi atandukanye. Muri uwo mwaka bahawe inyigisho zo kubavura ibikomere vyo ku mutima, hamwe no kubigisha umwuga wo kubatunga.

Mbega izo nyigisho zoba zarashoboye kubavura ibikomere batewe n’ukwo guhohoterwa ?