Amakuru
29 mars 2024

Intwaro mbi ni yo yunyura ingaruka mbi z’iduga ry’amazi ya Tanganyika

Abantu barenga 52 000 ni bo bamaze gukorwako n’ingaruka z’imyuzurira kuva mu ntango z’uyu mwaka w’2024. Bamwe vyabaye ngombwa ko bava mu mazu yabo kubera yatwawe n’amazi, hakabamwo n’inyubako za leta. Ivyo bikaba vyavuye kw’iduga ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika ryatumye ubuzima bw’ababa ku nkengera zaco baja mu ngorane zo kubaho, na rirya bari basanzwe babayeho mu buzima bugoye. Abanyagihugu bisanga batakigira amikoro ngo bashobore gutunga imiryango yabo.