Amakuru
7 juin 2023

Intwaro itubaha agateka ka zina muntu kandi yikumira. Ni vyo Abarundi bazokwibukira kuri Nkurunziza

Ico Abarundi bazokwibukira kuri Petero Nkurunziza yahora arongoye Uburundi, ni ubwicanyi bwaranze intwaro yiwe na cane cane mu myaka 5 ya nyuma y’ubutegetsi bwiwe. Bivugwa n’umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize, asanzwe ari mu baharanira agateka ka zina muntu. Abivuze mu gihe aho bukera igenekerezo rya 08 Ruheshi 2023, hazoba hakwiye imyaka 3 uwo yahora arongoye Uburundi asandavye. Bashirahishize avuga ko ubwo bwicanyi n’ayandi mabi yahonyanze agateka ka zina muntu vyaranze intwaro vyatumye Uburundi buharirwa ivomo mu makungu.