Amakuru
24 novembre 2023

Intumbero yo kugira igihugu cifashe mu 2040, giteye imbere mu 2060, ikwiye kuba iya twese (OLUCOME)

Abarundi bakwiye gufata nkama bakagira iyabo intumbero y’umukuru w’Igihugu yo kugira Uburundi igihugu cifashe mu 2040, giteye imbere mu 2060. Bivugwa na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta. Hari mu nama yatumiyemwo abari mu mashirahamwe yigenga kuri uyu wa gatatu. Gabriel Rufyiri abona ko iyo ntumbero y’umukuru w’Igihugu imaze kuba iy’igihugu, kugira igire akamaro Abarundi bategerezwa bose kugira uruhara.