Amakuru
29 octobre 2022

Ingingo zo gushinga ibiciro ziraba ubushikiranganji bw’Ubudandaji

Ingingo y’ubushikiranganji bw’Ubudandaji ku biciro vy’ibinyobwa vya BRARUDI ngo ije gukosora iyari yafashwe n’umushikiranganji wa Mbere, kuko itari yizwe n’abahinga. Bivugwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe rikangurira Abarundi guhindura ingendo (PARCEM). Ku bwiwe, ngo ubushikiranganji bw’Ubudandaji ni bwo bwari bujejwe ico gikorwa bubanje gukorana n’abahinga muri ico gisata.