Amakuru
3 mai 2023

Ingingo yo kugumiza umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye mw’ibohero iteza urubwa ubutungane

Sentare isubiramwo imanza ya Mukaza yashimangiye urubanza rwari rwaciwe na sentare nkuru ya Mukaza rwo guhanisha umunyororo w’imyaka 10 n’ihadabu ry’umuliyoni w’amafaranga y’amarundi ku mumenyeshamakuru Floriane Irangabiye. Iyo ngingo yerekana ko ata bwigenge bwo gushikiriza iciyumviro buhari mu Burundi, canke ibijanye n’agateka ka zina muntu. Bivugwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi akurikiranwa n’amasentare mpuzamakungu, CAVIB. Amenyesha ko ivyo bija kubiri n’ibivugwa n’umukuru w’Igihugu ko ubutungane bwigenga mu gihe biboneka neza ko bukoreshwa n’ubutegetsi mu madosiye amwe amwe buba bushaka guhohotera.