Ingingo iherutse gufatwa n’umushikiranganji w’Umutekano ngo ni ingingo igiye gutuma abantu bari basanzwe bakora akazi ko kwunguruza abantu ku ma pikipiki, amakinga na bajaji bazoja mu bukene. Ibi ni ibishikirizwa na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe rirwanya igiturire n’isesagura ry’amatungo ya leta (OLUCOME). Ni inyuma y’aho uwo mushikiranganji afashe ingingo yo kubuza ama pikipiki, amakinga na bajaji gusubira gukorera mu gisagara, hari kuri uyu wa gatatu. Gabriel Rufyiri agasaba nyabuna umushikiranganji ajejwe umutekano gusubira kwiga neza ibibazo biri mu gisata c’ukwunguruza abantu imbere yo gushira mu ngiro iyo ngingo.
Amakuru
26 février 2022
