Amakuru
18 février 2021

Ingingo yafashwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ku bijanye n’ama butike n’imangazini, iteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu agenga urudandazwa Uburundi bwateyeko igikumu

Ingingo yafashwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ku bijanye n’ama butike n’imangazini, iteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu agenga urudandazwa Uburundi bwateyeko igikumu. Ivyo bishikirizwa na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, OLUCOME. Gabriel Rufyiri amenyesha kandi ko iyo ngingo ije gutuma abarundi babandanya kwinjira mu bukene.