Amakuru
3 mai 2023

Ingingo ya CNC yo kubuza indirimbo zimwe zimwe ko zisubira kuvuga si wo muti

Urwego rw’igihugu rucungera ibikorwa vy’ibimenyeshamakuru, CNC, rwaramenyesheje ku munsi wa mbere igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2023, ko ruhagaritse indirimbo 31 z’Abarundi n’abanyamahanga, kuko zityoza imico n’akaranga vy’Uburundi. Iyo ngingo ikaba yatumye bamwe mu baririrmvyi bagira ico bayineguye.
Iyo ngingo ya CNC yoba ije nk’umuti urama kugira ingendo ihinduke mu baririmvyi ?