Amakuru
30 septembre 2022

Ingingo nshasha yo kwinjiza bimwe mu bidandazwa irahumuriza abanyagihugu

Igitoro, isukari, ibigori, isima n’ibindi vya nkenerwa, ni bimwe mu bidandazwa vyahavuye birangurirwa mu mahanga kuva aho umukuru w’Igihugu atanze uruhusha ku badandaza babishoboye kuvyinjiza mu gihugu. Mu ntara za Muyinga, Rumonge, Makamba na Kayanza, agahengwe karabonetse ku bakenera isukari n’isima, ariko ifumbire yo iracari nk’umuzi w’ibuye. Ni mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura » gitegurwa n’urunani rw’ibimenyeshamakuru Radiyo Inzamba, RPA na Télévision Renaissance.