Amakuru
29 avril 2023

Ingendo y’intwaro rusangi ni yo yoshikana kw’ihangiro ry’2040-2060

Kugira intumbero ya leta y’uko Uburundi buba igihugu kiri mu nzira y’iterambere mu 2040, bukaba igihugu giteye imbere mu mwaka w’2060, hari ibitegerezwa gukorwa. Amahoro kuri bose, intwaro ibereye hamwe n’ugushira hamwe ku Barundi bose. Ivyo ni bimwe mu vyasabwe ko vyobanza gushirwa imbere n’abari bitavye ikoraniro rigira 2 ku bijanye n’ubutunzi ryasozerewe ku wa 21 Ndamukiza i Bujumbura.