Amakuru
23 mars 2022

Ingaruka ku ngingo zafatiwe amapikipiki, amakinga na tukutuku zaratanguye kwibonekeza

Ingingo ibuza amapikipiki, amakinga n’amatukutuku kuja mu turere dutandukanye mu gisagara ca Bujumbura yaraye igiye mu ngiro kuri uyu wa mbere itariki 21 Ntwarante 2022. Mu gisagara, abahora biyunguruza bakoresheje ubwo buryo bavuga ko ari ikibazo kugira bashike ku buzi, nayo abatwara izo ngendeshwa bakavuga ko batazi uko bazosubira kubaho, kuko ngo bagiye kwicwa n’inzara.