Amakuru
23 mars 2023

Ubukene bw’igitoro mu gisagara ca Bujumbura burabandanya kwibonekeza

Ubukene bw’igitoro bwasubiye kwibonekeza cane mu ma stations ari mu gisagara ca Bujumbura. Ama stations amwe nta n’ima ryaharangwa, ayandi na yo akaba yibonekezako imirongo miremire y’abakirindiriye. Ku ma stations 10 twagendeye kuri uyu wa kabiri, imwe yonyene ni yo yariko itanga igitoro co mu bwoko bwa essence.