Amakuru
4 janvier 2023

Abantu 3 barapfuye abandi 3 barakomereka mu masanganya abiri yabaye kuri uyu wa mbere i Bujumbura

Abantu batatu bitavye Imana bivuye kw’isanganya ryabereye kw’ibarabara rya Rumonge, hafi y’ibitaro Kira, hari mu gitondo co kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 02 Nzero 2023. Amakuru ava ng’aho habereye iryo sanganya, avuga ko ari imodoka yunguruza abantu iva mu gisagara ca Bujumbura ija mu Ruziba yagonze uruzitiro rw’ibitaro vya Kira. Irindi sanganya ryabaye ni iry’imodoka yunguruza abantu yamanutse iva mu Gihosha vyanse ko ihagarara ica yinjira mu bitaro vy’igisirikare hakomereka umuntu umwe yari aje kwivuza.